Imigumuko yatanguye muri Gabon

Intsinzi ya Ali Bongo yatanguye kwiyamirizwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwiriyemwo urwaruka bihereje amabarabara

Abashigikiye umukandida yari imbere mu batavuga rumwe n'ubutegetsi Jean Ping, batanye mu mitwe n'abapolisi, inyuma y'aho bitangarijwe ko perezida Ali Bongo ariwe yatsinze.

Ali Bongo yatsindiye kuyobora Gabon mu kindi kiringo kigira kabiri c'imyaka indwi, ku majwi 49.8% nayo Jean Ping abona 48.2%. Barushanije amajwi 5,594 gusa.

Bwana Ping arahakana ivyo biharuro, we n'abamushigikiye bakavuga ko ibiharuro vvavuye mu bice perezida Bongo ashigikiwe cane, vyerekana ko abatoye ari 99%.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jean Ping yari azwi mu mirimo y' imigenderanire

Mu 2009, bwana Bongo yasubiriye se, Omar Bongo, nawe yari ku butegetsi kuva mu 1967.

Abajejwe umutekano bagerageje gusanzaza abashigikiye Jean Ping bariko bagerageza kwinjira mu biro vy'umurwi ujejwe gutunganya amatora Cenap.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ntaco umurwi CENAP uravuga ku vyavuye mu matora

Ntaco uwo murwi w'amatora uratangaza inyuma y'itangazwa ry'amajwi y'infatakibanza ryakozwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Pacome Moubelet-Boubeya.

Abahagarariye uruhande rutavuga rumwe na leta muri uwo murwi watunganije amatora baciye bakinjura banka kwemeza intsinzi ya perezida Bongo.

Imbere yo kwinjira muri politike, bwana Ping yari azwi cane mu bijanye n'imigendranire, aho yabaye umukuru w'inama y'Ubumwe bwa Afrika.