Burundi: Malariya yica abantu barenga 300 buri kwezi; ni ukuvuga abarenga 10 buri munsi.

Dr Thadée Ndikumana, avugira ubushikiranganji bw'amagara mu Burundi
Image caption Dr Thadée Ndikumana, avugira ubushikiranganji bw'amagara mu Burundi

Mu Burundi haravugwa indwara ya malariya imaze guhitana abantu benshi muri aya mezi 8 aheze y'umwaka wa 2016.

Ibiharuro vyo mu bushikiranganji vyerekana ko gushika ubu malariya imaze kwica abantu barenga 2500.

Abafatwa n'iyo ndwara ubu baragabanutse cane ugereranije no mu mezi ya mbere y'umwaka. Ariko ubundi ikunze kwiyongera mu mpera z'umwaka. Mu Burundi malariya ni yo yica abantu benshi kuruta izindi ndwara zose.

Kuva mu ntango z'umwaka gushika ubu, abantu barenga miliyoni zine barafashwe n'indwara ya malariya bivuze ko ari hafi 40% y'Abarundi bose.

Muri abo ibihumbi 2.500 barapfuye, bivuze ko buri kwezi malariya yica abantu barenga 300, ni ukuvuga abarenga 10 buri munsi.

Ni urugero ruri hejuru cane ugereranije no mu mwaka uheze kuko ibitigiri vy'uno mwaka ku mezi umunani gusa bingana n'ivy'umwaka wose wa 2015.

Ivyo biharuro vyatanzwe n'umuvugizi w'ubshikiranganji bujejwe amagara y'abantu, Dr Thadée Ndikumana yari aramutse aha ikiganiro abamenyeshamakuru.

Yari kumwe n'uwuseerukira World Vision, rimwe mu mashirahamwe ategamiye leta afasha ubwo bushikiranganji mu kurwanya iyo ndwara ya malaria.

Basaba abanyagihugu kwikingira no kwivuza hakiri kare kuko gutuza burundu igitera malariya ariyo mibu vyo bigoye cane.

Umuvugizi w'ubushikirangannji bw'amagara y'abantu Dr Thadee Ndikumana.

Ku vy'ushikirianganji bwagendereje, mu Burundi malariya yiyongera cane kabiri mu mwaka. Hagati y'ukwezi kwa Kane n'ukwa Gatanu, no hagati y'ukwezi kwa 11 n'ukwa 12.

Ubwo ico gihe ca kabiri cimirije, ubushikiraranganji n'ababubafasha mu kurwanya nalariYa buvuga ko bwimirije isekeza ryo gupima mu ngo imiti yica imibu. Mu mwaka uza naho hazotangwe imisegetera mu gihugu cose, igikorwa caheruka mu 2014.