Umugore wa Goodluck Jonathan ari mu bakekwa igiturire

Patience Jonathan n'umugabo wiwe Goodluck Jonathan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Patience Jonathan ngo yoba avuga ko amahera imiryoni cumi na zitanu zafatiriwe ari ayo kwivuza

Umugore w'uwahoze atwara Nigeria, Goodluck Jonathan, avuga ko amahera imiriyono 15 z'amadolari yafatiriwe ngo yari ayo kugura imiti yiwe.

Ayo makuru atangazwa n'ibinyamakuru vyo muri Nigeria, avuga ko ayo mahera yafatiriwe n'inzego zijejwe kurwanya igiturire.

Patience Jonathan ngo ivyo yoba yarabivuze mw'ikete yandikiye umugwi urwanya ubusuma bw'amafaranga, asanzwe ashaka gutwara muri sentare kuko wugaye amakonte yiwe.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko iryo kete rishobora gutuma bihweza vya hafi ibijanye n'ubutunzi bwa bwana Jonathan.

Ikigo kirwanya igiturire nticigeze cemeza niba cararonse iryo kete.