HCR ivuga ko Abarundi bahunga, leta ikavuga ko batahuka

Bamwe mu Barundi baheruka gutahuka
Image caption HCR ivuga ko hari Abarundi babandanije guhunga, mu gihe leta y'u Burundi yo yemeza ko hari benshi batahuka

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, HCR, rivuga ko abantu bamaze guhunga kuva mu mwaka uheze mu Burundi bashika ibihumbi 300.

Iryo shirahamwe rivuga ko mu kwezi kw'indwi gusa hahunze abashika ibihumbi mirongo ibiri bavuye mu ntara zo mu bumanuko bw'u Burundi.

HCR ariko ivuga ko naho yumva ko hari abatahuka itazi igitigiri cabo.

Ngo abahunga bavuga ko ibibatera guhunga ari bimwe nk'ivyo mu mwaka uheze, arivyo gutotezwa no gukubagurwa n'inzego zijejwe umutekano.

Benshi baratahuka

BBC ntiyashoboye kuvugana n'abajejwe intwaro mu Burundi, ariko bobo bemeza ko hari Abarundi benshi babandanije gutahuka.

Abarongoye intara ya Makamba mu bumanuko bw'u Burundi, bavuga ko gushika mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka, abashika ku bihumbi 30 bamaze gutahuka.

Ivyo ngo niko biri no muzindi ntara aho Abarundi bahunze bava, nko mu buraruko bw'igihugu mu Kirundo n'i Muyinga.