Abashika 24 bapfiriye mu musunikano wabereye mu Buhindi

Imisunikano ihitana abantu irashika kenshi mu Buhindi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imisunikano ihitana abantu irashika kenshi mu Buhindi

Abantu bashika mirongo ibiri na bane baguye mu musunikano wadutse mu gikorane c'idini mu buraruko bw'igihugu c'Ubuhindi.

Ibihumbi vy'abantu bayoboka umweranda w'idini Hindu, Jai Gurudev, bari mu muhango wa Varanasi, mu muji wa Uttar Pradesh, uwo muhango ukaba uhambaye cane kuba Hindu benshi.

Icatumye iyo sinzi y'abandu bakangwa bikavamwo uguhonyorana hakagira abahasiga ubuzima, ntikiramenyekana.

Imisunikano nk'iyi irashika mu Buhindi aho ibikorane vy'amadini canke vya politike kenshi bihuza abantu benshi cane, kandi ugasanga kenshi bidateguye neza.