Abashinjacaha ba ICC bari muri Kongo nyuma y'akaguma

ICC ivuga ko ubwicanyi buheruka mu myiyerekano muri Kongo bushobora gukurikiranwa n'iyo sentare Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption ICC ivuga ko ubwicanyi buheruka mu myiyerekano muri Kongo bushobora gukurikiranwa n'iyo sentare

Abashinjacaha ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha bari muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo gutekanya nyuma y'imyiyerekano yaguyemwo abantu.

Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza umukuru w'igihugu Joseph Kabila, bamwagiriza gutevya amatora kugira agume ku butegetsi.

Umushinjacaha mukuru wa ICC, Fatou Benshouda, yavuze ko ubwicanyi bw'abantu benshi bari mu myiyerekano ku murwa mukuru Kinshasa bushobora gufatwa nk'ivyaha bikurikiranwa n'iyo sentare.

Abatavuga rume na leta bagiriza Umukuru w'igihugu Joseph Kabila kuba ariko aragerageza kwigumiza ku butegetsi, nyuma yo gusivya amatora yagomba kuba mu kwezi kuza.