Kwigiza inyuma amatora muri Kongo vyemejwe n'imigambwe

Abantu benshi barasize ubuzima mu myiyerekano yo kwiyamiriza kwigiza inyuma ayo matora Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu benshi barasize ubuzima mu myiyerekano yo kwiyamiriza kwigiza inyuma ayo matora

Urunani ruri ku butegetsi muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo hamwe n'imwe mu migambwe itavuga rumwe na leta bemeje kwigiza inyuma amatora.

Bemeje ko amatora y'igizwa inyuma gushika itariki mirongo ibiri n'umunani z'ukwa kane, mu gihe yari yitezwe mu kwezi kuza.

Urunani rw'imigambwe ikomeye mu yitavuga rumwe na leta ntirwari mu biganiro, rukaba rwaciye ruhamagaza imyigaragamvyo kuwa gatatu.

Abantu benshi barasize ubuzima mu myiyerekano yo kwiyamiriza kwigiza inyuma ayo matora, abatavuga rumwe na leta bakavuga ko ari amayeri y'umukuru w'igihugu Joseph Kabila, yo kuguma ku butegetsi.

Ishirahamwe rya Buraya ryaragabishije ko rizofata ibihano amatora niyigizwa inyuma.