Akanama k'umutekano ka ONU kari mu rugendo muri Kongo

ONU itinya ko ibintu muri Kongo vyokwunyuka Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption ONU itinya ko ibintu muri Kongo vyokwunyuka

Bamwe mu bagize akana k'umutekano k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bari mu rugendo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

Urwo rugendo rugamije gufasha guhosha uruhagarara rwa politike ruri muri ico gihugu.

Ikiringo ca kabiri ari naco canyuma c'umukuru w'igihugu, Joseph Kabila, gihera kuno kwezi, ariko amatora yigijwe inyuma.

Abatavuga rumwe na leta bamwagiriza kuyigiza inyuma n'ibigira nkana kugira agume ku butegetsi.

Akanama k'umutekano ka ONU kahimirije bwa Kabila kuva ku butegetsi ikiringo ciwe giheze kugira ikibazo nticunyuke.