Kunyuruzwa no kwicwa kw'impunzi muri Sudani y'epfo

Mu mezi ane aheze imirwano yasubiye kwaduka yatumye abantu barenga ibihumbi amajana atatu bahunga ico gihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu mezi ane aheze imirwano yasubiye kwaduka yatumye abantu barenga ibihumbi amajana atatu bahunga ico gihugu

Ishami rya ONU rijejwe impunzi rivuga ko rirajwe cane ishinga n'inyuruzwa hamwe n'iyicwa ry'impunzi hafi y'umuji wa Yei muri Sudani y'epfo.

HCR ivuga ko impunzi zibiri zo mu gihugu kibanyi ca Sudani zishwe, izindi zitanu zikomeretswa n'imigwi y'itwaje ibirwanisho.

Abana mirongo ibiri n'umunani hamwe n'abagore babiri vyibazwa ko bakigizwe imbohe.

Gushika ubu ntibiramenyekana abanyuruje izo mpunzi abo aribo.

Kuva itambara yo hagati mu gihugu itanguye muri Sudani y'epfo haciye hafi imyaka itatu, imigwi myinshi yarafashe ibirwanisho.

Mu mezi ane aheze imirwano yasubiye kwaduka yatumye abantu barenga ibihumbi amajana atatu bahunga ico gihugu.