Umukuru wa CIA yagabishije Trump ku masezerano na Iran

John Brennan ahanura ubutegetsi bushasha kudakomakoma amasezerano ya nucleaire ya Iran Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption John Brennan ahanura ubutegetsi bushasha kudakomakoma amasezerano ya nucleaire ya Iran

Umukuru wa CIA yagabishije prezida aheruka gutorwa Donald Trump ko guhagarika amasezerano ya nucleaire na Iran kazoba ari "akaga" kandi ko bwoba ari "ubusazi".

Kuri BBC, John Brennan yahanuye kandi prezida mushasha kwiyubara kuvyo Uburusiya bwabemereye, yagiriza ico gihugu amabi menshi akorerwa muri Syria.

Mu myiyamamazo yiwe, Trump aragabisha gufuta amasezerano ya Iran kandi ko azokorana cane n'Uburusiya.

Brennan azova ku burongozi bwa CIA mu kwezi kwa mbere inyuma y'imyaka ine ari muri ico kibanza.

Mu kiganiro ca mbere n'umukuru wa CIA kuri BBC, John Brennan yadondaguye ibintu ubutegetsi bushasha bukeneye gukorana "ubwitonzi n'ukwiyubara" - ivyo birimwo imvugo ikoreshwa kuvyerekeye iterabwoba, imigenderanire n'Uburusiya, amasezerano ya nucleaire ya Iran hamwe n'ingene ubushobozi bwa BBC bwanyegejwe.