Bashir: Bizokoroha gukorana na Donald Trump

Prezida Omar el Bashir wa Sudan Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Omar el Bashir wa Sudan

Prezida wa Sudan, Omar el Bashir yakeje Donald Trump avuga ko bizokworoha gukorana na we, nk'uko biri mu kinyamakuru Emirati al Khalijee candikirwa muri ico gihugu.

"Trump ashira imbere inyungu z'abanyagihugu ba Amerika, ugereranije n'abavuga ivyerekeye demokrasi, agateka ka zina muntu no kwisanzura", ni ko prezida Bashir yavuze mu kiganiro yahaye ico kinyamakuru.

Yongeyeko ko: dushobora gufashanya n'abantu bafise intumbero zibiri, ariko uyu avugira ku mugaragaro ico yipfuza.

"Ndizeye ko bizokoroha gukorana na Trump ugereranije n'abandi kubera yita ku bibazo adaciye iruhande kandi ni umudandaza ashira imbere inyungu y'abo bafitaniye ubucuti", ni ko Bashir yavuze.

Yagiye ku butegetsi mu 1989 atembagaje ubwari buhari, kandi kuva ico gihe yagirizwa ko atwaza igikenye.

''Nina hakika itakuwa rais kushirikiana na Trump ikilinganishwa na wengine kwa sababu ni mtu anayeangazia maswala moja kwa moja na mfanyibiashara ambaye anaangazia maslahi ya anaoshirikiana nao'',alisema Bashir.

Bashir ambaye anasakwa na mahakama ya ICC kutokana na mashtaka ya mauaji ya kimbari katika eneo la Drafur amekana mashtaka hayo.

Alichukua mamlaka mwaka 1989 kupitia mapinduzi na ameshutumiwa kwa kuwa na uongozi wa kiimla tangu wakati huo.