Igerageza ry'urucanco rukinga SIDA
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Afrika y'epfo mw'igerageza ry'urucanco rwa SIDA

Abashakashatsi muri Afrika y'epfo batanguye kugerageza urucanco rushobora gufasha gusezera ikiza ca SIDA.

Urucanco abashakashatsi bariko baragerageza, rwigeze kugaragaza ko rukora ku bice 30% mu kurinda ubwandu bwa VIH, igihe gwageragezwa muri Thailand.

Urucanco ruri mw'igeragezwa, ruzohabwa abantu 5400 barimwo abasore n'inkumi.

Afrika y'epfo ifise abantu baharugwa muri miliyoni indwi bafise umugera wa SIDA, nayo abagera ku 1000 bayandura buri munsi.

Ibiharuro bitangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyerekana ko ikiza ca SIDA kiamze guhitana abantu bagera kuri miliyoni 30 kuva mu myaka ya 1980 itanguye kumenyekana.