Donald Trump avuga ko atawamufashije gutsinda amatora

Donald Trump ntiyemera bivugwa na CIA Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump ntiyemera bivugwa na CIA

Donald Trump yiyamirije ibivugwa ko vyashitsweko na CIA, yuko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika bukamufasha gutsinda.

Bwana Trump yavuze ko ibivugwa n'ivyo biro vya Amerika bijejwe iperereza bitagira icepfo ca ruguru.

Mu kiganiro yahaye televiyon Fox News, bwana Trump yavuze ko atemera ibivugwa na CIA.

Yavuze ko abo batavuga rumwe bo mu mugambwe w'aba Democrates bariko bararondera urundi rwitwazo rwo gusigura gutsindwa kwabo.

Kuwa gatandatu vyaramanyekenye ko CIA yasanze hari abantu bakorana na leta y'Uburusiya bahaye amakuru urubuga rumena amabanga ya politike, Wilileaks, ubutumwa email bushika ibihumbi, bwibwe mu mugwi wari ujejwe kwiyamamaza kw'aba Democrates.

Abakuru mu nama nkenguzamateka bo mu migambwe y'aba Republicains n'aba Democrates, basohoreye hamwe urwandiko bavuga ko amakuru y'uko Uburusiya bwivanze mu matora yari akwiye kuraza ishinga muri Munyamerika.