Abasirikare bigaruriye igisagara ca Bouake

Abasirikare muri Cote d'ivoire Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Inkoho nyinshi zumvikanye mw'ikambi ya gisirikare ya Daloa, mu gisagara kigira kabiri co mu burengero bwa Cote d'Ivoire, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

Bije bikurikira urwamo rw'amasase rwumvikanye mw'ijoro ryose mu gisagara ca Bouake, aho abasirikare batwaye ibigwanisho ku kirindiro c'abapolisi baca baracigarurira, aho bari bagavye ku muryango winjirayo.

Abo basirikare bagumutse basaba amadolali ya Amerika 8.000 umwe wese hamwe n'inzu yo kubamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/ GETTY IMAGE
Image caption Abagwanyi b'umugwi wa Force Nouvelle barigaruriye uburaruko bwa Cote d'Ivoire hagati ya 2002 na 2011

Bouake cari icicaro c'abagwanyi bagenzura ica kabiri c'igihugu cose mu buraruko kuva mu 2002 gushika igihugu gisubiye hamwe inyuma y'intambara mu 2011.

Umusirikare akorera ku cicaro gikuru ku mugwa mukuru Abidjan yavuze ko barungitse abandi basirikare i Bouake.

Ababa mu gisagara ca Bouake bavuga ko basabwe kuguma muhira, kandi ko mu gisagra atagakacira.