Imigwi idandaza ibiyayuramutwe yishe abantu 33 mw'ibohero

A woman watches on television news about the riot in the PAMC (Agricola de Monte Cristo Penitentiary) in Roraima, northern Brazil Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwo bwicanyi bwo mw'ibohera ryo Agricola de Monte Cristo bushitse inyuma y'imisi mike habaye ubundi mu rindi bohero

Abanyororo 33 biciwe mw'ibohero mu buraruko bwa Brezil, inyuma y'imisi mike abandi 56 baguye mu migumuko yabaye mw'ibohero riri mu yindi ntara vyegeranye.

Umuhuzabikorwa w'ubucamanza wo muri ako karere, Uziel Castro, yabwiye BBC ababajwen'ubwo bwicanyi bwabaye mw'ibohero iri mu ntara ya Roraima bugizwe n'imigwi idandaza ibiyayuramutwe.

Yavuze ko ibiziga bimwe bimwe vyakataguwe inyuma y'aho bataniye mu mitwe mw'ibohero rya Agrícola de Monte Cristo.

Ariko avuga ko ubu ibintu vyasubiye mu buryo.

Abategetsi babwiye ibimenyeshamakuru ko umugwi w'abanyororo washoboye kumena amagufuri apfunze ku vyumba vyabo mu gitondo ca kare hanyuma baca bagira igitero mu rundi ruhande rw'iyo nyubakwa, iri mu gisagara ca Boa Vista.

Abasirikare ka ruhariwe bamaze kuhashika.

Castro yagiriza ubwo bwicanyi bwo muri iryo bohero, aho ikinyimakuru Il Globo kivuga ko ryari rihaye indaro abanyororo 1.400, incuro zibiri z'abategekanijwe gupfungirwa muri ico kibanza, umugwi udandaza ibiyovyabwenge wa PCC(Standing for First Command in the Capital).

Mu 2012, reta yavuze ko wari wo mugwi munini w'abadandaza ibiyayuramutwe muri Brezil, aho winjiza amadolari agera ku miliyoni z'amadolali 32 ku mwaka mu biyayuramutswe, igece c'abawugize bakaba bari mw'iboheroi mu ntara ya Sao Paulo, aho uwo mugwi ufise amavuko.

Ntibiramenyekana nimba ibi vyabaye bifitaniye isano n'imigumuko yaaye ku musi w'Imana i Manaus, aho abo mu mugwi PCC batanye mu mitwe n'abo mu hundi mugwi badacana uwaka, Family of the Noth (FDN).

Mu masaha 17 y'imigumuko, igitigiri c'abapfuye nticari bwigere kibaho haraciye imyaka myinsi.

Abategetsi bavuga ko bashoboye gufata abanyororo 40 kuri 87 batorotse muri iyo migumuko.