Nana Akufo-Addo yarahiriye amabanga yo kurongora Ghana

Nana Akufo-Addo yakeje uwamubanjirije ku kuntu yemeranye agateka kutsindwa kwiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Nana Akufo-Addo yakeje uwamubanjirije ku kuntu yemeranye agateka kutsindwa kwiwe

Uwahoze ari umushingwamanza mu vy'agateka ka zina muntu, Nana Akufo-Addo, yarahiriye amabanga yo kurongora Ghana mu birori vyitabwe na benshi.

Mw'ijambo rya mbere yashikirije nk'umurongozi, yakeje uwamubanjirije, John Dramani Mahama, ku kuntu yemeranye agateka gutsindwa kwiwe mu matora yo mu kwezi guheze.

Kubisikana ku butegetsi mu mahoro bibonwa nk'intsinzi kuri demokrasi muri Afrika, aho abarongozi benshi usanga badashaka kuva ku butegetsi.

Ibihumbi vy'abatumire hamwe n'abategetsi bitavye umuhango wabereye mu kibanza citiriwe kwikukira ku murwa mukuru Accra.

Nyuma y'uyu muhango vyitezwe ko abarongozi baganira ku kibazo ca Yahya Jammeh muri Gambia, aheruka kwisubirako akanka kubisa uwamutsinze mu matora yo mu kwezi guheze.