Ubufaransa bwagabweko ibitero ibihumbi 24 vya nyabwonko

Umushikiranganji Jean Yves Le Drian agabisha ko amatora yo mu Bufaransa ashobora kubangamirwa n'ibitero vya cyberattacks Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji Jean Yves Le Drian agabisha ko amatora yo mu Bufaransa ashobora kubangamirwa n'ibitero vya cyberattacks

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufaransa avuga ko ibigo vy'ubwo bushikiranganji vyagabweko ibitero ibihumbi 24 hakoreshejwe nyabwonko canke cumputer.

Bwana Jean Yves-Le Drian avuga ko ivyo bitero bizwi nka cyberattacks mu Congereza, vyinshi muri vyo vyagabwe n'abantu bakorera amaleta mu mwaka uheze, yongerako yuko bidashobora kwihanganirwa.

Yagabishije ko inyubako za leta zigeramiwe ngo kandi barashobora no kugerageza kuzana ubusuma mu matora yitezwe mu mpera z'uno mwaka.

Bwana Le Drian yavuze ko igitigiri c'ibitero vya mudasobwa ku Bufaransa cikuvye kabiri buri mwaka, mu myaka itatu iheze.

Uwo mushikiranganji yari amaze igihe agenzura ubushobozi bw'Ubufaransa bwo kwikingira ibitero nk'ivyo.