Obama yagabanuye igihano ca Chelsea Manning

Manning yamenyesheje ico we yiyumvamwo inyuma y'umunsi umwe akatiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Manning yamenyesheje ico we yiyumvamwo inyuma y'umunsi umwe akatiwe

Uwo muhungu yigize umukobwa w'imyaka 29 ari mu gisirikare ca Amerika yavutse yitwa Bradley Manning, azorekugwa itariki 17 z'ukwezi kwa gatanu aho kuirindira mu mwaka wa 2045 nkuko vyari bitegekanijwe.

Yakatiwe igifungo c'imyaka 35 mu 2013 inyuma yaho yagirijwe kurungika amabanga y'imigenderanire y'igihugu ku kigo kigwanya ivyo kubungabunga amabanga.

Bwabaye ubwa mbere mu mateka ya Amerika harungikwa amabanga anyegejwe angana uko.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House mu minsi iheze vyamenyesheje ko vyiteguye kugabanya igihano ca Manning.

Uwo muhungu yigize umukobwa yahatswe kwiyahura incuro zibiri mu mwaka uheze mu ibohero ry'abagabo yarafungiwemwo riri Fort Leavenworth i Kansas.

Manning yaragumutse mu mwaka uheze yanka gufungura ivyo agaburiwe gushika aho igisirikare cemereye kumuha imiti y'abifata kubiri n'igitsina basanganywe.

Mu bikorwa vya nyuma Obama akoze nk'umukuru w'igihugu, yagabanije ibihano vy'abanyororo 209 atanga n'ikigongwe ku bandi 64.