Habaye igitero i Louvre mu gisagara ca Paris

Louvre Uwufise ububasha kw’isanamu PA

Umusirikare w'umufarabsa yari acungereye umutekano i Louvre, mu gisagara ca Paris yarashe uwukekwa kugira igitero, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru.

Bivugwa ko uwo musirikare yagizweko igitero n'imbugita, uwari amuteye ngo akaba yakomeretse cane.

Uwo yagize ico gitero ngo yariko aragerageza kwinjira mu nzu ndangakaranga.

Hari igikorwa c'umutekano gikomeye kiriko kirakorwa i Louvre hamwe no yandi mazu y'ubudandaji ahegereye.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ico gitero "gikomeye"

Abantu bose bavanywe i Louvre.

Ingene ico gitero cagenze biracabandanya kumenyekana buke buke.

Umuvugizi w'igipolisi c'Ubufaransa avuga ko uwo yeteye yasemereye ngo "Allahu Akbar" - Imani ni yo nkuru mu carabu - ariko nta bintu biturika yari yitwaje.

Inkuru zivuga ko yari yitwaje isandugu imwe canke zibiri.