ONU yahanaguye ibihano kuri Gulbuddin Hekmatyar

Gulbuddin Hekmatyar yarwanye n'Abarusiya bari barigaruriye Afghanistani haciye imyaka 30 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Gulbuddin Hekmatyar yarwanye n'Abarusiya bari barigaruriye Afghanistani haciye imyaka 30

Akanama ka ONU kajejwe umutekano kakuyeko ibihano kari karafatiye uwari umukuru w'abarwanyi muri Afghanistani, Gulbuddin Hekmatyar.

Leta ya Afganistani niyo yasavye ko ivyo bihano bikurwako, hakurikijwe umwumvikano w'amahoro na Hekmatyar hamwe n'umugwi wiwe Hezb-i-Islam, mu kwezi kw'icenda.

Uwo mwumvikano umuha ubudahangwa ntakurikiranwe mu mategeko, nawe agashigikira ibwirizwa shingiro rya Afghanistani akanemera guhagarika imirwano.

Gulbuddin Hekmatyar yarwanye intambara y'aba Soviet haciye imyaka mirongo itatu; ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu, Human Rights Watch rikamwagiriza kuba yarateye ibisasu adahitamwo mu banyagihugu.