Abantu 500 b'umuryango w'abashinwa bifotoreje hamwe

Abagize uwo muryango bavuye Beijing, Shanghai, Xinjiang na Taiwan Uwufise ububasha kw’isanamu ZHANG LIANGZONG
Image caption Abagize uwo muryango bavuye Beijing, Shanghai, Xinjiang na Taiwan

Abantu barenga 500 bagize umuryango umwe wo mu Bushinwa, bakoranye ngo bafatigwe hamwe ifoto y'umuryango.

Ayo mafoto yafatiwe mu kigwati ca Shishe mu ntara ya Zhejiang, iri mu buseruko bw'igihugu c'Ubushinwa.

Abo bantu bahuye mu ndwi iheze bipfurizanya umwaka mushasha. Mu Bushinwa uwo munsi ukunze guhuza imiryango, igasangira.

Umufotozi Zhang Liangzong yafashe ayo mafoto akoresheje "drone".

Yabwiye BBC ko umuryango w'aba Ren ushobora gukurikiranwa gushika ku myaka 851 uja inyuma.

Abasaza bari muri uwo muryango baherutse kubara abagize uwo muryango, baratora abantu 2 000 babamukako, Bwana Zhang niko yavuze.

Abo banyamuryango baje bava Beijing, Shanghai, Xinjiang na Taiwan.