Ubudagi bugiye kwirukana impunzi zimwe ubuhungiro

Kurondera gusubiza impunzi muri Afganistani vyarateye uruhagarara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kurondera gusubiza impunzi muri Afganistani vyarateye uruhagarara

Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel agiye gutegura ingene yosubiza mu bihugu vy'amavuko impunzi zitaronse ivyangombwa.

Umupfasoni Merkel ategekanya guhura n'abakuru b'ibihugu ngo abashikirize icegeranyo c'ingingo 16 zofasha kunyarutsa igikorwa co gutahukana impunzi.

Muri ico cegeranyo caguye mu maboko y'ibigo vy'itangazamakuru vyo mu Budagi, bivugwa ko hazoshingwa mu gisagara ca Berlin, ikigo c'agateganyo kizoba kirakira abasubizwa mu bihugu vy'amavuko.

Leta y'Ubudagi itegekanya gukoresha amahera imiliyoni €90m uno mwaka muri ico gikorwa co gutahukana impunzi.

Izahisemwo gutaha ku gushaka kwazo zizohabwa amahera menshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Angela Merkel yaridogewe, abandi baramushimira mu kwakira igitigiri kinini c'impunzi

Abantu 890 000 nibo basavye ubuhungiro mu mwaka w'i 2015 igihe ibindi bihugu vya Buraya vyari vyugaye imiryango.

Abanyagihugu baturuka muri Siriya nibo bagize igitigiri kinini c'impunzi (154 000 mu 2015), bagakurikigwa n'abava mu gihugu ca Afganistani.

Abanya Siriya barakunze guhabwa ubuhungiro bitewe n'ingwano ikivugwa mu gihugu cabo.

Abimukira 207 000 nibo bari barindiriye gutahukanwa mu mpera z'umwaka wa 2016, uravye ibitigiri bitangwa na reta nkuko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru DPA.

Abimukira 25 000 nibo bahavuye basubizwa iwabo mu mwaka uheze, mu gihe abangana nabo kabiri batashe ku gushaka kwabo.

"Igitigiri c'abimwa ubuhungiro kiguma kiduga. Dukwiye gukora cane ngo tubasubize mu gihugu," niko umushikiranganji w'intwaro yo hagati Thomas Maiziere yavuze ku munsi wa kane.