Koreya ya ruguru isabigwa inama yihuta y'akanama ka ONU

Koreya ya ruguru ivuga ko igeregeza ryayo ryagenze neza Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Koreya ya Ruguru yatangaje igeregezwa ry'igisasu yavuze ko ryagenze neza

Leta zunze Ubumwe za Amerika n'Ubuyapani hamwe na Koreya y'epfo vyasavye ko inama y'umutekano kw'isi yokorana vuba kugirango yige ku kibazo ca Koreya ya ruguru yaraye yongeye kugerageza ikindi gisasu.

Igerageza ry'igisasu co mu bwoko bwa 'missile ballistique'' kigereranye mu bunini, ryakozwe na Koreya ya ruguru mu gitondo co ku munsi w'Imana, aho catewe mu kiyaga.

Koreya ya ruguru ivuga ko ishobora gutera igisasu ca 'nuclaire' gishasha gifise imoteri ikomeye ikoresha igitoro.

Hamwe vyoba ari vyo, izoba ari intambwe ikomeye mu buhinga bwa 'nucleaire' bwa Koreya ya ruguru.

Ariko abahinga ntibemera ko Leta ya Pyongyang yoba igeze kuri iyo ntambwe nk'uko ibivuga, yo gukora ben'ico gisasu.

Ico gihugu gisanzwe kiri mu bihano kubera kugerageza ibisasu vya 'misile' no kubandanya umugambi waco w'ubuhinga bwa 'nucleaire'.