Cote d' Ivoire irarega abanyamakuru 6

Abasirikare bagera ku 2000 baragumutse Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyamakuru bashengezwa baregwa kwmeza ko leta yahaye amafaranga abasirikare

Abanyamakuru bakorera ibinyamakuru bitatu bigendera ku murongo w'abatavuga rumwe na leta, bararegwa ko batangaje ku munsi wa gatandatu ko Leta ya cote d'Ivoire yemereye amafaranga abasirikare bagumutse.

Abo banyamakuru ngo boba banditse ko abasirikare bateye akaguma bemerewe amadorari ya Amerika ibihumbi cumi na kimwe kuri buri musirikare, mu kubagondoza gusubira ku mirimo.

Ivyo vyari bihushanye n'ivyari mw'itangazo rya leta ryemeza ko abo basirikare basavye imbabazi ku vyo bakoze kandi ata mafaranga bahawe namba.

Ibinyamakuru vyatangaje iyo nkuru vyemeza ko amafaranga yemewe yari gutangwa kuri uyu wa mbere.