Abarongoye yegereyegere muri Kenya bahanywe

Kuva mu mpera z'umwaka uheze abaganga ba leta baracari muri yegereyegere Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abaganga muri Kenya bagiye muri yegereyegere basaba kwongerwa imishahara no gutezurigwa mu kazi

Umucamanza Hellen Wasilwa akuriye sentare nkuru ya Nairobi, yagiriza abo baganga ko basuzuguye intahe ku cemezo yari yafashe co kubategeka guhagarika iyo yegereyegere n'ubu ikibandanya.

Abaganga n'abaforoma bo mu bitaro n'amavuriro ya leta ya Kenya batanguye yegereyegere kuva mu ntango z'ukwezi kwa 12 umwaka uheze, basaba kwongererezwa imishahara.

Imwe mu mashirahamwe akomeye aharanira inyungu z'abaganga n'abaforoma, yari yasavye ko n'abo mu bitaro vyigenga bohanvya abandi muri yegereyegere, hamwe abaserukira abandi boramuka batawe muri yompi.

Abanyamakuru bavuga ko iyo yegereyegere yagize ingaruka zikomeye ku mavuriro ya leta, aho abenshi mu bakene n'abafise uburyo bubayabaye baja kwivuza.