Burundi: abanyapolitike 3 batavuga rumwe na reta batahutse

Mathias Basabose na Joseph Ntidendereza.
Image caption Mathias Basabose na Joseph Ntidendereza (iburyo)

Abo banyapolitike batahutse ni Alice Nzomukunda umukuru w'umugambwe ADR IMVUGAKURI yabaye kandi n'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu kuva mu kwezi kw'umunani 2005 gushika mu kw'icenda kwa 2006.

Uwundi yaje ni Mathias Basabose. Uyu nawe yahoze umushingamateka aturuka mu mugambwe CNDD-FDD kuva muri 2005 gushika 2010.

Abo bompi bari bahunze igihugu c'uburundi kuva mu mwaka wa 2012. Umunyapolitique agira 3 yatahutse ni Joseph Ntidendereza, agihunga yari mu umunywanyi w'umugambwe FRODEBU NYAKURI.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Alice Nzomukunda arahakana ko we na bagenzi we bari barahunze.

Image caption Alice Nzomukunda

Avuga ko bari bahora baba mu mahanga kubera barangurirayo imirimo gusa.

"Ivyabaye mu gihugu bijanye n'umutekano muke, vyatumye duca tubanza gutenyenya gatoya", ukwo nikwo abisigura.

"Ariko tuganiriye n'abandi muri ibi biganiro, twarabonye yuko umengo hariho ishaka ryuko ivyoba biriko biragenda nabi vyokosorwa duca turavuga tuti reka dusimbe turabe koko ko hari ikiriko kirahinduka, kuko uri hanze wumva vyinshi cane", nikwo Nzomukunda abandanya asigura.

Abo banyapolitike ukwo ari batatu bahoze ari abanywanyi b'urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe n'abandi banyapolitike batemera ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza.

Vyongeye bagiye barazezwa n'amabanga atandukanye muri urwo runani.

Haciye imisi mikeya umupfasoni Alice Nzomukunda afuswe burundu muri urwo runani, indongozi za CNARED zikaba zamwagirije guhonyanga amategeko n'akarangamutima k'urwo runani hamwe no gushaka kurusenyura.

Abo banyapolitike batahutse mu gihugu inyuma y'umusi umwe gusa ibiganiro bihuza abanyapolitike vyari bimaze imisi 3 biriko bibera Arusha birangiye, hakaba atacashitsweko.

Umuhuza mu matati y'abarundi Benjamin Mkapa mu kurangiza ivyo biganiro, yatanganje ko agiye gusaba inama y'abakuru b'ibihugu bo mu karere kugira yihweze igituma ibiganiro vyikwega haheze hafatwe ingingo ibereye.

Nubwo atacapfunditswe muri ivyo biganiro, Mkapa we mu nteguro yiwe, yipfuza ko ukwezi kwa 6 kworangira amasezerano yamaze kuboneka.