Guterrez ati "Isi igenda iba nabi, yuzura akajagari"

Antonio Guterres avuga ko kwiyumanganya agateka ka muntu ari kimwe mu bituma gahonyangwa Uwufise ububasha kw’isanamu GIAN EHRENZELLER
Image caption Antonio Guterres avuga ko kwiyumanganya agateka ka muntu ari kimwe mu bituma gahonyangwa

Aho yatanguza inama y'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ku gateka ka zina muntu, umukuru w'iryo shirahamwe Antonio Guterrez yavuze ko isi iri mu bihe bibi cane.

Iyi nama ngarukamwaka y'akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu iriko irabera i Geneve mu Busuwisi.

Mu bigomba kuyigirwamwo harimwo ibibazo vya Korea ya ruguru, Myanmar hamwe n'iterwa ry'ibisasu mu muji wa Aleppo muri Syria.

Mw'ijambo ryo gutanguza inama, Antonio Guterres yavuze ko isi igenda iraba mbi kandi ikuzuramwo akajagari.

Yavuze ko ukuntu agateka ka zina muntu gasigaye gahonyangwa kw'isi ngo ari nk'indwara igenda irakomera.

Yongeyeko yuko kwirengagiza agateka ka zina muntu ari kimwe mu bibazo, ngo ariko guharanira cane ako gateka ni imwe mu nyishu.