Ibikogwa vyo kurondera abagihema birabandanya muri Ethiopia

Abatabazi bakoresha imashini zo mu bwoko bwa "bulldozers" bahiga aboba bagihema Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abatabazi bakoresha imashini zo mu bwoko bwa "bulldozers" bahiga aboba bagihema

Abatabazi biriwe bahiga abantu boba bagihema inyuma yaho igihomoka c'umucafu ciciye abantu ku munsi wa gatandatu mw'ijoro, muri kino gihe bageze kuri 62 i Adfdis Abeba ku mugwa mukuru wa Ethiopia.

Ubutegetsi buvuga ko ico gitigiri c'abapfiriye ahitwa Koshe gishobora kwiyongera. Umunyagihugu wo muri ako karere avuga ko abantu 150 aribo bari muri ico kibanza igihe iyo mpanuka yaba.

Buvuga ko hari abantu benshi bakibura kuva aho uwo musozi w'umucafu ubagwiriyeko.

Utururi tutazwi igitigiri twarahambwe twururukiweko n'uwo mucafu.

Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umucafu.

Umuvugizi w'ubutegetsi bw'igisagara yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AP, ko mu bapfuye harimwo abana benshi kandi ko igitigiri c'abahasize ubuzima gishobora kubandanya ciyongera.

Umunyagihugu aba aho hantu, Tebeju Asres yavuze ko inzu yabo yamizwe n'ico gihomoka c'umucafu.

"Mama hamwe na bashiki banje batatu niho bari igihe c'ico gihomoka. Ubu sinzi ivyabo," niko yabwiye AP.

Hari abantu baharugwa mu majana batunzwe n'ugucukura muri iryo yarara barondera ivyo bokurayo ngo bagurishe, niko umumenyeshamakuru wa BBC i Addis Ababa Emmanuel Igunza yavuze.

Hari n'abantu bibera kuri uwo musozi w'umucafu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abanyagihugu bari mu kababaro kenshi bamwe batazi irengero ry'ababo

Abantu benshi ntibaramenya irengero ry'ababo, bakaba bari mu kababro kanini.

Ubutegetsi bufise umugambi wo kuvyaza umuyagankuba bubanje guturira uwo mucafu uva mu vyo abantu imiliyoni 4 baba mu gisagara bata.