Rex Tillerson yavuganye n'Ubushinwa ku kibazo ca N Korea

Wang Yi na Rex Tillerson Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Wang Yi, asaba Amerika kwifata, ngo bari mu mayira abiri, ariko amatati siwo muti

Ubushinwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko ibintu muri Koreya ya Ruguru bigeze ahakomeye, hakenewe ibiganiro ndetse n'ishirwa mu ngiro ry'ingingo zafatiwe leta ya Pyongyang.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Rex Tillerson, yavuze ko bumvikanye gukorana n'ubu Shinwa mu ntumbero yo kugarura Koreya ya Ruguru.

Ubushinwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika bishaka ko Koreya ya ruguru yisubirako ku mugambi wayo wa nucleair n'igeragazwa ry'ibisasu vya Missile.

Ivyo Rex Tillerson yabivuze inyuma y'umubonano yagiranye na mugenziwe w'Ubushinwa Wang Yi, aho yemeza ko imishamirano yatewe n'ibikorwa vya Koreya ya Ruguru vyo kugerageza ibisasu vya missile, igeze ahateye impungenge.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubushinwa Wang Yi, aremeza ko ishirwa mu ngiro ryuzuye ry'ingingo z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU zafatiwe Koreya ya Ruguru ari nkenegwa, co kimwe no kwongera kuvyura ibiganiro na leta ya Pyongyang.

Ku munsi wa gatanu, perezida Trump yari yatangaje, abicishije ku rubuga rwa Twitter, ko Koreya ya Ruguru iriko 'yitwara nabi' kandi ko Somambike wayo ariyo Ubushinwa 'yafashije bike' muri ico kibazo.