Iyirukanwa ry'umushikiranganji riteye uruhagarara muri Afrika yepfo

Pravin Gordhan yari mu bategetsi bagwanya ibiturire Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Pravin Gordhan yari mu bategetsi bagwanya ibiturire

Icegera c'umukuru w'igihugu wa Afrika yepfo Cyril Ramaphosa yavuze ko ukwirukanwa kw'umushikiranganji w'ikigega Pravin Gordhan "atawokwemera".

Iyirukanwa ryiwe ryatumye ifaranga ry'i randi rikoroka ku bice 5% ku munsi wa kane.

Bwana Gordhan yari mu bantu bagwanya ibiturire muri leta isanzwe itungwa urutoke ku bijanye n'iyo ngeso.

Ari mu bandi bashikiranganji benshi bakuwe na Prezida Jacob Zuma.

Bwana Zuma yavuze ko yakoze iryo hindura rya leta kugira ngo "anagure ibisata vy'imibano n'ubutunzi".

Malusi Gigaba yahora ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu niwe yasubiriye Bwana Gordhan.

Sfiso Buthelezi niwe yagenywe ngo abe icegera ciwe.