Umukobwa wa Trump n'umugabo wiwe bafise imiriyoni $740

Amafaranga atunzwe n'abakorana na bwana Trump, uyaharuriye hamwe, angana n'imiriyaridi cumi na zibiri z'amadolari Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amafaranga atunzwe n'abakorana na bwana Trump, uyaharuriye hamwe, angana n'imiriyaridi cumi na zibiri z'amadolari

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, White House, vyatangaje ubutunzi bw'abakorana vya hafi na Donald Trump.

Gutangaza ubwo butunzi bitegekanijwe n'amategeko, bikaba vyerekana ko umukobwa wiwe, Ivanka, hamwe n'umugabo bafise ubutunzi bungana imiriyoni z'amadolari 740.

Hatangajwe kandi ko umuhanuzi mukuru wa Trump mu vy'ubutunzi, Gary Cohn, afise ayashika ku miriyoni amajana abiri na mirongo itatu z'amadolari.

Ibiro White House vyari vyariyemeje gushira ahagaragara ubutunzi bw'ababikoramwo, bikavuga ko bahevye vyinshi kugira baze muri leta.

Nayo amafaranga atunzwe n'abakorana na bwana Trump, uyaharuriye hamwe, angana n'imiriyaridi cumi na zibiri z'amadolari.