UE yemeje ivyokogwa imbere yuko Ubwongereza buva mu muryango

Abashingamateka bumviriza urutonde rw'ibikenewe ngo Ubwongereza bushobore kuva muri UE
Image caption Abashingamateka bumviriza urutonde rw'ibikenewe ngo Ubwongereza bushobore kuva muri UE

Abashingamateka bo mu muryango w'ibihugu vya Buraya (UE) bashigikiye biciye mu matora, ukuntu uwo muryango wovana n'Ubwongereza (Brexit) ku majwi 516 kuri 133.

Abashingamateka b'umuryango w'ibihugu vya Buraya (MEPs) ntibazoja mu biganiro ariko bazosabwa kwemeza amasezerano azoba yapfunditswe kugira ngo ibintu bibandanye.

Nigel Farage wo mu mugambwe UKIP (UK Independence Party), yagirije abo bashingamateka ko bariko bararondera gushiraho inzitizi "Ubwongereza butokwivanamwo" aca avuga ko bakora "mafia".

Muri iyo nteguro yo kuvana n'Ubwongereza yashigikiwe n'abashingamateka benshi, havugwa ko hagiye gutangura ibiganiro bizofata ikiringo c'imyaka ibiri kugira ngo Ubwongereza bushobore kuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya hisunzwe ingingo ya 50.

Mu nama n'abamenyeshamakuru yabaye inyuma y'amatora, Guy Verhofstadt, aserukira umuryango w'ibihugu vya Buraya kw'idosiye ya Brexit, yavuze ko amatora asigura ko "Ubwongereza ku ruhande rumwe n'akanama k'umuryango w'ubumwe bwa Buraya ku rundi ruhande, ubu bazi aho abashingamateka bahagaze n'ibibazo nkoramutima ivyarivyo".

Yavuze ati "inyungu z'abanyagihugu bacu nizo ziza ubwa mbere", aca asaba ko hokwigwa mu maguru masha ukwo abongereza baba i Buraya n'abanya Buraya baba mu Bwongereza bofatwa inyuma ya Brexit.