Ubutegetsi bwa Syria bwahererekanye imbohe n'inyeshamba

Prezida wa Syria Bashar al-Assad Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Syria Bashar al-Assad

Igisirikare ca Syria hamwe n'inyeshamba, uno munsi biriwe bahererekana abantu bapfunzwe ku mpande zose.

Itangazamakuru ry'igihugu ryavuze ko inyeshamba zatanze abagore 12 n'abana, mu gihe ku rundi ruhande abagwanyi 19 barekuwe.

Iyo ni intambwe ya mbere y'amasezerano ishobora gutuma abantu baharugwa mu bihumbi bari mu bisagara bine vyafashwe barekugwa.

Bibiri muri vyo -- Fuaa na Kafraya --ni ivya leta bikikujwe n'inyeshamba. Ibindi bibiri -- Madaya na Zabadani --vyafashwe n'igisirikare ca leta n'abo bakorana.