Indya zirimwo ishano zagwaje impunzi muri Irak

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barahunze igisagara ca Mosul inyuma yo kwaduka intambara yo kwigarurira ico gisagara Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi barahunze igisagara ca Mosul inyuma yo kwaduka intambara yo kwigarurira ico gisagara

Abantu amajana n'amajana bagwaye n'umwana umwe arapfa azize ivyo bavuga ko ari indya zirimwo udukoko, twabateye ingwara aho bari mw'ikambi iri hagufi y'igisagara ca Mosul.

Bivugwa ko abantu batanguye kudahwa no gucibwamwo inyuma yo gufungura ku mugoroba bafunguye (ifutari), ubona ko bari mu kiringo c'amafungo ya Ramadhani.

Ikambi ya Hasansham U2, iri hagati ya Mosul na Irbil, irimwo abantu bo muri Irak baje bahunga abagwanyi ba IS.

Abagwanyi ba IS bariko barakora uko bashoboye ngo bazunguruke uburengero bw'igisagara ca Mosul.

Igisirikare cya Irak cyisubije hamwe muri Mosul

Imirwano ikomeye mu burengero bwa Mosul muri Irake

ONU ivuga ko abanyagihugu aribo bagorewe mu rugamba na IS

Ishirahamwe rifasha impunzi kw'isi, HCR rivuga ko hamaze kugwara abantu bashika 800, mu gihe abashika 200 bamaze gushikanwa mu bitaro.

Iyo kambi n'imwe muri 13 zubatswe na HCR mu karere ka Mosul zo kwakira impunzi zije zihungira mu gihugu hagati zivuye mu gisagara.

Iyo kambi irimwo abantu 6235.

Abasirikare ba Irak bashigikiwe n'abarongowe n'igisirikare ca Amerika batanguye igikorwa co gutuza abagwanyi ba IS mu gisagara ca Mosul mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.