Hamilton yagiriza Vettel kumubuza intsinzi

Aba badereva babiri bamaze igihe bagenda babangabanganywe mu gusiganwa hakoreshejwe imodoka.
Image caption Aba badereva babiri bamaze igihe bagenda babangabanganywe mu gusiganwa hakoreshejwe imodoka.

Umunonotsi mu gutwara imodoka, Lewis Hamilton yavuze ko ivyo mugenzi we Vettel Sebastian yakoze mu kumugonga mu nkino za Grand Prix zariko zibera i Azerbaijan, biteye isoni, bidakwiye gukorwa n'umudereva yama agavye.

Abo badereva babiri bagonganye igihe iryo higanwa ryo gusiganwa ryagira rirangire, inyuma y'aho Vettel agongeye imodoka ya Hamilton inyuma, bituma bose ko ari babiri bata inzira.

Image caption Uko izo modokari zagonganye

Vettel avuga ko Hamilton yafashe ifure n'ibigirankana kugira amugerageze.

Hamilton arabihakana yivuye inyuma avuga ko ivyo yakoze atari vyiza mu nkino.