Abazungu 2 muri Afrika y'epfo bagirijwe guhohotera umwirabura

Theo Martins Jackson (ibubamfu) na Willem Oosthuizen (i buryo) babwiye Mlotshwa ko bamuturira ari muzima
Image caption Theo Martins Jackson (ibubamfu) na Willem Oosthuizen (i buryo) babwiye Mlotshwa ko bamuturira ari muzima

Sentare muri Afrika y'epfo yagirije abazungu babiri b'abarimyi icagaha co guhohotera umugabo w'umwirabura, mu kumushira mw'isandugu y'abapfuye.

Bamushize mw'iyo sandugu bamutera ubwoba mu kumubwira ko baza kumushirako peterori bamuturire ari muzima.

Igihe Victor Mlotshwa yihagararako, bivugwa ko abo barimyi bamubwiye ko bagire bashire inzoka mw'iyo sandugu yarimwo.

Urubanza rwa Willem Oosthuizen na Theo Jackson vyitezwe ko rutangura mu mpera z'ukwezi kw'indwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Victor Mlotshwa ngo yari yavogereye itongo ry'abarimyi babiri b'abazungu, bashaka kumuha icigwa

Bafashwe mu kwa cumi na rimwe guheruka nyuma y'aho habonekeye video yerekana ivyo bagirizwa, yashizwe kuri internet.

Bavuga ko bwana Mlotshwa yari yavogereye itongo ryabo ngo akaba yari akwiye guhabwa icigwa.