G20: Trump na Putin barahura amaso mu yandi ubwa mbere

Prezida Trump (i bubamfu) na prezida Putin (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Trump (i bubamfu) na prezida Putin (i buryo)

Prezida wa Amerika Donald Trump arabonana na mugenzi we w'Uburusiya, Vladimir Putin incuro ya mbere mu nama ya G20 iriko irabera i Hamburg mu Budagi.

Bose bavuga ko bashaka kugarukana icizere cononywe n'intambara ibera muri Syria na Ukraine, co kimwe n'ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Amerika.

Ibibazo vy'ihindagurika ry'ibihe hamwe n'ubudandaji ni vyo biza gushimikirwako cane muri iyo nama, yaranzwe n'imyiyerekano yo kuyiyamiriza.

Itana mu mitwe ryadutse mu myiyerekeno yitiriwe " tuguhaye ikaze mu muriro udahera" ryatumye abapolisi 76 bakomereka.

Trump avuga ko Putin ari umutware mwiza gusumba Obama

Umurusiya yafashwe yagirizwa kwabura ku matora ya Amerika

Mu gutora kugirira iyo nama i Hamburg, mu buraruko bw'Ubudagi, umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi ariko ararondera kwerekana ko mu gihugu kirangwamwo demokrasi imyiyerekano ishobora ata nkomanzi, nk'uko bivugwa n'abame yeshamakuru.

G20 canke umugwi w'ibihugu 20, ni inama y'ibihugu 19 vyose vyateye imbere n'ibiriko biratera imbere hamwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Ivyo bihugu ni Argentine, Australia, Brezil, Canada, China, France, Ubudagi, Ubuhinde, Indonesia, Ubutaliyano, Ubuyapani, Mexique, Uburusiya, Arabia Saudite, Afrika y'epfo, Korea y'epfo, Turkia, Ubwongereza hamwe na Amerika.