Ingorane za internet zateye igihombo kinini Somalia

Ingorane za internet zateye igihombo kinini Somalia
Image caption Ingorane za internet zateye igihombo kinini Somalia

Umushikiranganji wa Somalia ajejwe gutangaza amakuruyavuze ko ikibazo co kubura internet kimaze indwi zibiri zirenga ariko ingorane zikomeye ku butunzi bw'ico gihugu.

Abdi Anshur Hassan yabwiye radio y'igihugu ko ico gihugu gihomba imiliyoni 10 ku musi bivanye n'ibura rya internet, ko rero gushika ubu ico gihugu kimaze guhomba imiliyoni 130.

Izo ngorane zatewe n'uko intsinga zica musi y'ibahari zononekaye haraciye indwi zibiri zirenga nk'uko bivugwa na radio Mogadishu.

Hassan kandi avuga ko reta iriko irakora uko ishoboye kose kugira internet isubire kuboneka.