Trump: Icuka ni ciza ku kirimba uravye ibivugwa ku Burusiya

Vladimir Putin na Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Putin na Trump barahuye ubwa mbere mu gisagara ca Hamburg mu Budagi

Prezida Donald Trump yavuze ko icuka ku kirimba ari ciza naho haguba haba amatohoza ku nyifato y'Uburusiya mu matora aherutse.

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko ubutegetsi bwiwe "bukora neza cane".

Prezida kandi yavugiye umuhungu wiwe, biheruka kugaragara ko yabonanye n'umushingwamanza w'Uburusiya mu gihe hariko haraba imyiyamamazo y'umukuru w'igihugu.

'Nta mabanga ya Trump Uburusiya bubitse'

Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyavuzeko mu biro vy'umukuru w'igihugu babuze ayo bacira n'ayo bamira kubera iyo nkuru, nk'uko vyandikwa na Washington Post.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari impari nyinshi ku naa hagati ya Donald Trump Jr na Natalia Veselnitskaya

Donald Trump Jr yabonanye na Natalia Veselnitskaya yizeye ko afise inkuru z'ibanga zo kubangamira uwo bari bahanganye na se mu matora, Hillary Clinton.

Trump Jr yabwiye Fox News ko iyo nama isa n'uko ata co yari imaze, kandi yayitakajemwo iminota 20 ariko aremera ko vyari bikwiye ko avyifatamwo ukundi.

Trump: Uburusiya bufise "ingeso yo gukorogana"

Sbatavuga rumwe na we bavuga ashobora kuba yararenze ku mategeko y'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Donald Trump n'umugore wiwe Melania bazoba ari abashitsi b'iteka ku musi Ubufaransa bwibuka ukwikukira