Umucamanza yatoye amahinyu ku nsiguro y' "incuti za hafi" mw'itegeko ryo kwinjira muri Amerika

A family hug each other at Washington Dulles Airport on 26 June, 2017, after the U.S. Supreme Court granted parts of the Trump administration's emergency request to put its travel ban into effect Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sentare yemeje ko abavyara abavyeyi bawe n'abandi bagipfana n'ababa muri Amerika bashobora kwinjira muri ico gihugu

Sokuru na nyokuro ntibategerezwa kwankirwa kwinjira muri Amerika nk'uko biri mw'itegeko rya Trump ribuza abantu bamwe kwinjira muri ico gihugu, nk'uko umucamanza umwe yaciye urubanza.

Iyo ngingo yashinzwe n'umucamanza w'intara ya Hawai, Derrick Watson, n'intambwe nshasha mu kwiyamiriza itegeko rya Trump riraba abimukira.

Uwo mucamanza yavuze ko iryo tegeko ryisunze agace gato gusa k'urubanza rwaciwe na sentare nkuru.

Ingingo yafashwe mu ndwi iheze, yagumijeho igice gito kibuza impunzi hamwe n'abandi bantu bava mu bihugu bitandatu vy'aba Islam kwinjira muri Amerika.

Ukwiyamiriza amajambo ya Trump ku ba Islam

Trump yahinduye imvugo ku ba Islam

Rivuga ko abafitaniye ubucuti bwa hafi n'ababa muri Amerika, ari bo bonyene bemerewe kwinjira muri ico gihugu.

Ariko ubutegetsi bwa Trump bwafashe ingingo yo gukuramwo abasokuru n'abanyokuru, abuzukuru, baramu b'abandi, baramukazi, sewabo, senge, abasengezana hamwe n'abavyara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Umucamanza azwi cane w'i Hawai yavuze ko iyo ngingo ari "Intsinzi ikomeye"

Umucamanza Watson ariko ntiyemeranya na bo, yategetse ko iryo tegeko ridakwiye kubafata.

Uwo mucamanza yiyamirije insiguro ubutegetsi buha "incuti za hagufi" avuga ko rikumira abantu n'ibigirankana.