Abakozi ba ONU bagira amatohoza muri Congo bishwe na nde?

Intambara muri RDC zimaze guhitana abantu benshi harimwo n'abo Onu ivuga ko bahambwa ikivunga
Image caption Intambara muri RDC zimaze guhitana abantu benshi harimwo n'abo Onu ivuga ko bahambwa ikivunga

Abashinzwe amatohoza muri Onu bavuga ko bishoboka ko abasirikare ba RDC canke imigwi ibagwanya ari bo bafise uruhara mw'iyicwa rya bagenzi babo babiri.

Michael Sharp wo muri Amerika na Zaida Catalan, wo muri Swisse na Chili bishwe mu kwezi kwa gatatu muri uyu mwaka igihe bariko baragira amatohoza kuvyerekeye ubwicanyi buvugwa muri ico gihugu.

Abarenga 3000 baramaze kwicwa muri RDC

Ibinogo 10 bihambwemwo abantu ikivunga muri RDC

Abagira amatohoza bavuga ko bagenzi babo bari bategekanije guhura n'umukuru w'abagwanyi bo muri ico gihugu umusi umwe imbere y'uko bicwa.