Umukuru w'igisirikare c'Ubufaransa Villiers yatanze imihoho

Macron na Gen de Villiers ku musi mukuru wahariwe ukwikukira Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Macron na Gen de Villiers ku musi mukuru wahariwe ukwikukira

Umukuru w'igisirikare c'Ubufaransa yatanze imihoho inyuma yo kutumvikana na prezida Emmanuel Macron kw'igabanywa ry'amahera igisirikare gikoresha.

Mw'itangazo yashikirije, Gen Pierre de Villiers yavuze ko atoshobora "guhagararira igisirikare c'akarorero" abona ko gishobora gukingira Ubufaransa.

Mu ndwi iheze, reta y'Ubufaransa yarashize ahabona amahera agiye kugabanywa muyo ikoresha gushika musi y'ayasabwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya (EU).

Prezida Macron yavuze ko adashobora kwihanganira uwumuvuguruza mu gisirikare.

"Mu gihe umukuru wa gisirikare na prezida batumvikanye ku kintu, umukuru wa gisirikare aca akura meza," Uko ni ko Macron, nka prezida akaba n'umugaba w'ingabo, yabwiye Le journal du Dimanche.

Macron avuga ko Ubumwe bw'Uburayi ugomba kwivugurura

Emmanuel Macron yarahiriye kuyobora Ubufaransa

Ariko kandi yaravuze ko uwo mujenerale "yomushigikira" mu gihe yoba "yemera uko ubutegetsi burutarutana n'ingene amategeko atangwa".

Bivugw ko Gen de Villiers yari yavuze ko prezida atokwizera ko yomufasha kuri ico kibazo, akoresheje amajambo akomeye.

Yariko aravuga kw'igabanywa rya miliyoni 850 y'ama euro ku mahera igisirikare kizokoresha mu 2017.

Ni imwe mu ngingo yo gutuma amehera akoreshwa na reta aja muri y'ibice bitatu kw'ijana y'ayinjizwa n'igihugu nk'uko bisabwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.