Bamwe mu barundi 6 bitavye ihiganwa muri Amerika boba bageze muri Canada

Abana batandatu b'abarundi bari bitavye ihiganwa ryo gukora ibi 'robots' muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER/DC POLICE DEPARTMENT
Image caption Abana 6 b'abarundi bitavye ihiganwa muri Amerika baburiwe irengero

Bamwe mu bana batandatu b'abarundi bari bitavye ihiganwa ryo gukora ibi 'robots' muri Amerika babuzwe irengero ngo boba bageze mu gihugu ca Canada.

Mu makuru aturuka mu binyamakuru vya Amerika, bivugwa ko babiri muri abo bana boba barajabutse, binjira mu gihugu ca Canada.

Abahungu bane n'abakobwa babiri bafise imyaka iri hagati ya 16 na 18 baburiwe irengero igihe hariko haraba iryo higanwa rya mbere kw'isi ryariko rirabera i Washington.

Igisaca c'igipolisi muri ico gihugu kivuga ko abo bana babonetse ubwa nyuma ku musi wa kabiri inyuma y'izo nkino zirangiye.

Inkuru zivuga ko babiri muri bo baza bamaze kujabuka mu gihugu ca Canada ariko izo nkuru ntiziremezwa n'igipolisi.

Ku musi wa kane, igipolisi co muri ico gisagara caramanitse amafoto y'abo bana batandatu baburiwe irengero ku rubuga trwabo rwa twitter, basaba abanyagihugu gutanga inkuru ziberekeye mu gihe hari uwobakubita ijisho.

Amazina y'abo bana ni Don Ingabire, Kevin Sambukiza, Nice Munezero, Audry Mwamikazi, Richard Irakoze na Aristide Irambona.

Amerika iracahimiriza leta y'u Burundi kuganira

Abanyeshure bituye ambasade ya Amerika mu Burundi

Abari bateguye iryo higanwa bavuga ko bitabaje igipolisi inyuma y'aho uwari abarongoye amenyeshereze ko yababuze.

Mu nkuru zatanzwe, umuvugizi w'izo nkino, Jose Escotto yavuze ko bamaze kwiyambaza igipolisi ubu bariko baragira amatohoza, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca The Wanshington Post.

Ayo mahiganwa y'imisi itatu yitabwe n'imigwi 150.

Ayo mahiganwa afise intumbero yo guteza imbere ubwenge ndemanwa mu vyigwa vy'ubuhinga hamwe n'ibiharuro.