Impungenge ku bana bakoresha YouTube

Trusted Flaggers ifise impungenge z'ibica kuri YouTube bishobora kubangamira abana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trusted Flaggers ifise impungenge z'ibica kuri YouTube bishobora kubangamira abana

Umugwi w'abakorerabushake uzwi kw'izina rya 'Tursted Flaggers', urinda urubuga rwa YouTube abahacisha ibikwegera abana gukoreshwa mu busambanyi, wabwiye BBC ko urwo rubuga rusa n'urwananiwe gukwirikirana umurengera w'ibirego bijanye n'ubwo bugizi bwa nabi.

N'ubwo bivugira ko izo video ziterekana ibiterasoni vyo ku rugero rwa 'pornographie', bavuga ko amajambo yandikwa munsi y'ama video yerekana abakiri bato, usanga avuga yeruye ivyerekeye igitsina.

Umugwi Trusted Flaggers uvuga ko hashobora kuba hari abahiga kugirira nabi abana, baciye kuri YouTube.

Ariko YouTube, ifise umuhora kuri Google, yemeza ko ikumira yivuye inyuma, ibijanye na pornographie vyose, n'ibindi bishobora gukwegera abana mu busambanyi.