Yafatanywe inkota hafi y'umunara Eiffel

Umunara wa Eiffel Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umunara wa Eiffel

Hari umugabo yahatswe kwinjirana inkota mu kibanza c'umunara wa Eiffel mu muji wa Paris yaciye afatwa n'ingonga, nk'uko bimenyeshwa n'ikigo kijejwe gutunganya ico kibanza.

Ubufaransa bumaze igihe bwarashizeh amategeko nk' ayo mu bihe bidasanzwe kubera ibitero vyikwikrikiranije kuva mu 2015, harimwo icahitanye abantu 130.

Uwo mugabo yadutse ku munara wa Eiffel mu gicugu cakeye , amaze gufatwa igipolisi citukana abantu bose muri ico kibanza.

Nyene gufatwa, yari yambaye agapira k'amabara y'umugwi w'umupira w'amaguru Paris saint Germain, yadugije ijwi avuga ngo "Allahu Akbar".