Abagabo 4 bitwariwe bazira kurya inyama y'umuntu muri Afrika y'epfo

A map showing Estcourt, KwaZulu-Natal
Image caption Abagabo 4 bitwariwe bazira kurya inyama y'umuntu muri Afrika y'epfo

Abagabo bane bashikanywe imbere ya sentare muri Afrika y'epfo kwishura ivyo bagirizwa ko bariye inyama z'umuntu inyuma y'aho umwe muri bo yijanye ku gipolisi avuga ko arushe no kuza ararya inyaa z'abantu.

Amaze kubazwa, uwo mugabo yaciye yerekana ibice vy'ukuguru n'ukuboko vy'abantu.

Igipolisi caciye kijana n'uwo muntu gushika ku nzu imwe iri mu karere ka Kwazulu-Natal, aho basanze izindi nyama z'abantu nyinshi.

Abagabo bane, babiri muri bo bavuza imiti y'ikirundi barafashwe bashikirizwa sentare bagirizwa kwica no gutegura ubwicanyi.

Bashikirijwe sentare ya Estcourt iri ku birometero 175 mu buraruko bushira uburengero bw'igisagara ca Durban.

Umuvugizi w'igipolisi yabwiye BBC ko bishoboka ko abo bagabo bane bafise imyaka iri hagati ya 22 na 32 bari mu mugwi w'abicanyi.

Amatohoza aracabandanya, igipolisi kikaba gisaba abafise abantu bazimiye kuza kubivuga.

Abahinga muvyo kugira amatohoza ku bantu bazimiye, bahamagawe ngo bafashe mu kumenya ba nyene izo nyama z'abantu kuko ntibigaragara ko ari izo umuntu umwe canke benshi.

Mu kwezi guheze, mu gisagara ca Durban, umugabo umwe yarafashwe afise umutwe w'umuntu, bikaba vyavuzwe ko yashaka kuwugurisha ku mupfumu.