Trump yiyemeje gukora uko ashoboye kose mu kwubaka uruhome hagati ya Amerika na Mexique

US President Donald Trump arrives to speak at a "Make America Great Again" rally in Phoenix, Arizona, on August 22, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump yavuze ivyerekeye abimukira, amagara y'abantu n'abo batavuga rumwe mw'ihuriro ry'i Arizona

Donald Trump yiyemeje ko bikenewe azohagarika reta ya Amerika kugira yubake uruhome ku rubibe bahana na Mexique.

Prezida Trump yabwiye abamushigikiye mw'ikoraniro rya "Make America Great Again" i Phoenix, mu ntara ya Arizona, ko abo batavuga rumwe b'abademokrate ati "intambamy".

Mw'ijambo ryamaze iminota 80, yifatiye kandi mu gahanga ibinyamakuru, avyagiriza guha ijambo imigwi ya 'extreme droite'.

Donald Trump: "Tuzubaka uruhome ku rubibe rwa Mexique"

Mexique yiyamirije Trump ku makori yo kwubaka uruhome

Yasubiyemwo inyishu yatanze ku midurumbanyo mu myiyerekano y'aba 'extreme drote' yahitanye umupfasoni umwe.

Yanse kugira ioco avuze kuvyo yashikirije ko "impande zose zifise uruhara muri iyo midurumbanyo" yabereye i Charlottesville, mu ntara ya Virginia.