Korea ya ruguru: Amerika 'ntiraheba inyishu ivuye mu biganiro'

Residents cover their heads while taking shelter during an evacuation drill for North Korean missiles in Wajima, Ishikawa prefecture, 30 August 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikibanza abantu bahungiyemwo mu Buyapani igihe Korea ya ruguru yatera igisase ku mursi wa kabiri.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika James Mattis yavuze ko Amerika "itaraheba inyishu iciye mu biganiro" mibibazo bafitaniye na Korea ya ruguru.

Ivyo abivuze inyuma y'aho prezida Trump yandikiye kuri Twitter ko " kuganira atari inyushu" kuri ico gihugu gishira imbere inguvu za gisirikare.

N'Uburusiya bwagabishije Amerika gukoresha inguvu za gisirikare, buvuga ko "vyigira inkurikizi mbi cane".

Korea ya ruguru yatumye haba ukugaba inyuma yo gutera igisase caciye hejuru y'Ubuyapani ku musi wa kabiri.

Korea ya ruguru yecishije misile hejuru y'Ubuyapani

Kim Jong-un: Tuzotera ibindi bisase mw'ibahari rya pacifique

Ico gisase Ubuyapani bwavuze ko ari agasotoro karenze urugero, cajabutse izinga rya Hokkaido kare ku musi wa kabiri,gituma abantu basabwa kunyegera, imbere y'uko kigwa mw'ibahari, nko ku birometero 1.180 uvuye i musozi.