Liberia: Amatora y'umukuru w'igihugu yatanguye

Election workers walk past ballot boxes and voting materials at the National Electoral Commission headquarters in Monrovia, Liberia October 9, 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Muri Liberia abantu bitavye amatora y'umukuru w'igihugu

Abantu muri Liberia bariko baratora uwugiye gusubirira umupfasoni wa mbere yatanguye gutorwa nka prezida muri Afrika akaba yaranaronse agashimwe ka Nobel, Ellen Johnson Sirleaf.

Uwahoze ari umukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa George Weah, hamwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Joseph Boakai ni bo bahabwa amahigwe yo gutsinda ayo matora.

Mu gihugu ca Liberia cashinzwe n'abahoze ari abaja bahawe ubwigenge na Amerika mu kinjana ca 19, ntiharigera haba ibisikanya ku butegetsi mu mahoro mu myaka 73.

Umupfasoni Sirleaf yahanuye abantu gutora mu mahoro muri ico gihugu kikiriko kiratora akajisho inyuma y'intambara yari ihamaze imyaka 14.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gearge Weah yitoje ubugira gatatu

"Ijwi ryawe ni iryawe n'umuryango wawe, si umugambwe wawe canke ubwoko," ni ko Sirleaf yavuze mw'ijambo yashikirije abanyagihugu.

Abantu 20 ni bo bariko baritoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Abo ni nka Alex Cummings, uwahoze arongoye ikompanyi ya Coca-Cola na MacDella, umunyamudeli n'uwigeze kuba somambike wa Weah.

Umupfasoni Sirleaf w'imyaka 78, avuye ku butegetsi amaze ibiringo vyiwe bibiri.

Yagiye ku butegetsi mu 2006 inyuma y'aho uwo yasubiriye Charles Taylor agondorejwe akava ku butegetse n'abagwanyi mu 2003.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Boakai yabaye icegera c'umukuru w'igihugu kuva mu 2006

Ubu Tailor ariko arakora igifungo c'imyaka 50 mu Bwongereza azira amakosa yo mu ntambara hamwe n'amatati ari hagati y'igihugu ciwe ca Liberia na Sierra Leone.

Weah w'imyaka 51 yagenye uwahoze ari umupfasoni wa Tailor, Jewel Howard, ngo azomubere icegera aramutse atsinze.

Bugize ubwa gatatu George Weah yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Umupfasoni Sirleaf ntiyafashije imyiyamamazo uwahora ari icegera ciwe, Boakai, bikaba vyatumye benshi bibaza ko batacumvikana.

Abantu bababa 2.2 bariyandikishije gutora.

N'amatora y'abashingamateka aba uyu musi nyene.