Amatora muri RDC yimuriwe mu mwaka wa 2019

Amatora yari ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2016, ariko akanama kajejwe gutegura amatora gaca karayasivya. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatora yari ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2016, ariko akanama kajejwe gutegura amatora gaca karayasivya.

Amatora yo muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ntazoba imbere y'ukwezi kwa kane 2019, nk'uko bimenyeshwa n'akana kajejwe gutegura amatora muri ico gihugu.

Mw'itangazo ry'akanama kajejwe gutegura amatora ashikirije kavuga ko gakeneye imisi 504 kugira gategure amatora inyuma yokwandika abazoyitabira.

Ibi bikaba bitisunze na gato amasezerano yabaye hagati ya prezida Joseph Kabira n'abatavuga rumwe na we, yari ahagarikiwe n'abakuru ba Ekleziya Katolika, yavuga ko amatora ategerezwa kuba imbere y'uko uyu mwaka urangira.

Mu mategeko, vyari bitegekanije ko amatora aba mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2016, ariko akanama kajejwe gutegura amatora karayasivya bivuye ku bibazo vyo kwiyunguruza hamwe n'amikoro make.

Umushikiranganji wa mbere wa RDC yatanze imihoho

Monusco i Kishasa kubera ubwoba bw'imidurumbanyo

Ivyo bikaba bisigura ko prezida Joseph Kabira abandanya arongora ico gihugu kandi yararengeje ikiringo.

Abantu batari bake baraguye mu myiyerekano yo kumwiyamiriza.

Inkuru zitangwa n'itororoanirizo ry'amakuru rya Reuters zivuga ko intambara zirangwa mu ntara ya Kasai zatumye igikorwa co kwandika abazoja mu matora gicererwa.